Kuri uyumusi igenekerezo rya 13/10/2026, ku murwa mukuru wa komine GISURU hahimbajwe umusi mukuru wo kwibuka incungu yo kwikukira kw‘uburundi umunganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore ku ncuro igira 65.
Ibirori vyatangujwe n‘inkuka ya misa yabereye kuri paroisse NYABITSINDA. Inkuka ya misa irangiye, hakurikiye no gushira ingori z‘amashurwe ku cibutso c‘ukwikukira.
Ibirori bikaba vyari vyatewe iteka n‘intumwa ya Buramatari w‘intara ya Buhumuza nyakwubahwa umuhanuzi wa wiwe ajejwe iterambere.
Mu gusozera ibirori, Impanuro zitari nke zatanzwe ku bene gihugu bari bitavye ivyo birori cane cane kubijanye n‘ukwirinda urudandazwa rwa magendo, gutanga igiturire, imiriro ya nyakanga n‘ayandi mabi adukwegera amahano akabangamira iterambere rya komine, igihugu n‘umutekano.

























