IGISATA C’AMAGARA Y’ABANTU MURI COMMUNE  GISURU

Itariki  12/10/2026 haramutse hugururwa vy’imfatakibanza ivuriro ryiza cane ryubatswe ku mutumba wa KABINGO. Zone gisuru, commune gisuru.

Ni mugihe abene gihugu bo mu micungararo bagenda ibirometero vyinshi bagiye kwivuza. Bagakengurukira Leta y’Uburundi ku mw’itwarariko w’amagara y’abantu.

Iryo vuriro ryubatswe n’umugambi PRODECI TURIKUMWE.  Ryuguruye rifise ibikoresho bikwiye mu mpande zose.

Nyakubahwa umunyamabanga nshingwa bikorwa wa komine yari yaserukiye musitanteri  wa komine gisuru, yasavye abaganga, abenegihugu, abajejwe intwaro,  eka n’abazoza bitura iryo vuriro kuribungabunga no kurigirira isuku kugira ngo izo nyubakwa zize zirambe