ITANGWA RY’UMWAVU

Muri komine GISURU, itangwa ry’umwavu w’ikizungu ryagenze neza. Abenegihugu baranezerejwe n’ukuntu umwavu barihiye bawuhawe wose kandi neza. Ariko bagasaba Leta ko yobandanya ikubita inzu ibipfunsi kugira bawuronswe ku rugero rushimishije. bagakengurukira nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu we yafashe iyo ngingo ku neza y’abarundi bose.