Mu ntumbero yo gutera intege abana bitabiriye ibikorwa vyo mu buruhuko mu ma zone atandukanye agize Komine Gisuru, guhera kuri uyu wa kane itariki 10/9/2026 n’uwa gatanu itariki 11/9/2026, kabaye akaryo ko gutanga amakaye Komine Gisuru yategekanirije urwo rwaruka.
Aciye ku ndongozi z’amazone zahagarikiye ivyo bikorwa, musitanteri wa Komine Gisuru yakengurukiye abavyeyi borohereje abo bana ashimira n’urwo rwaruka ku kungene bitanze rutiziganya mu guca imikobeko n’ibindi bikorwa vyari vyabategekanirijwe.
Musitanteri wa komine yongera asaba urwaruka kwamana umutima wo gukunda igihugu cabibarutse mu kugitura amaboko n’ubugingo







